Skip Navigation

DVD Ilustrado Multilíngue

The Biology of Prenatal Development




IBINYABUZIMA BIJANA NO GUTWITA

.Kirundi [Kirundi (Rundi)]


 

Baixar Versão em PDF  O Que é PDF?
 

Desenvolvimento Embrionário: 4 a 6 Semanas

Capítulo 11   4 Semanas: Líquido Amniótico

Mugihe c' amayinga 4 haboneka amavuta asukuye akikije isoro mu mavuta yuzuye igi. Ayo mavuta atagira umwanda, yitwa amavuta y'urukoko, arinda isoro kudakomereka.

Capítulo 12   O Coração em Ação

Umutima muzima utera inshuro 113 ku munota.

Reba uko umutima uhindura ibara uko umutima winjira usohoka mu vyumba vyawo uko uteye.

Umutima uzotera hafi inshuro miriyoni 54 mbere yo kuvuka n'inshuro zirenze miriyardi 3,2 mugihe kirenze uburambe bw'imyaka 80.

Capítulo 13   O Crescimento do Cérebro

Gukura vuba k'ubwonko bigaragazwa n'umuntu uko ahinduka bitewe n'ubwonko bw'imbere, ubwonko bwo hagati, n'ubwonko bw'inyuma.

Capítulo 14   Brotos dos Membros

Igihimba co hejuru n'ico hasi bitangura gukura nkuko ivyo bihimba bigaragara mugihe c' amayinga 4.

Muri ico gihe uruhu ruba rubonerana kubera ko akabumbe kamwe kaba kanamve.

Uko uruhu runamba rero, ruzogenda ruta kwa kubonerana, arivyo bisobanura ko dushobora gusa kubona ibihimba vy'imbere uko bigenda bikura mugihe c'ukundi kwezi.

Capítulo 15   5 Semanas: Hemisférios Cerebrais

Hagati y' amayinga 4 na 5, ubwonko bukomeza gukura vuba kandi bukigabanyamo imirwi 5 itandukanye.

Umutwe uba ufite ibihwanye na 1/3 c'isoro ryose.

Ibitereko vy'ubwonko bigaragara, buhoro-buhoro. uko bigenda biba binini.

Imikorere ikagenzurwa n'ibitereko vy'ubwonko harimo, ibitekerezo, kwiga, kwibuka, kuvuga, inzozi, kumva, kwinyagambura kubushake, no gukemura ibibazo.

Capítulo 16   Vias Respiratórias Principais

Mubuhumekero, iburyo n'ibumoso shingiro ry'ibihaha hari kandi hashobora kwifatanya n'umuyoboro, cangwa umukenke w'umuyaga, w'ibihaha.

Capítulo 17   Fígado e Rins

Reba uburyo umwijima munini wuzuye inda uteganye n'umutima utera.

Imfyiko zihoraho zigaragara mugihe c' amayinga 5.

Capítulo 18   Saco Vitelino e Células Germinativas

Umuhondo w'igi uba ufite ibinyabuzima kamere vyitwa imbuto. Mugihe c'amayinga 5 izo mbuto zirimuka kugira ngo zivemo ibihimba vy'umubiri bigategana n'imfyiko.

Capítulo 19   Placas da Mão e Cartilagem

Nanone mugihe c'amayinga 5, isoro rikuza ibiganza imbavu zitangira kubaho mugihe c' amayinga 5 ½.

Hano turabona ikiganza c'ibumoso Naho inkokora iboneka nyuma y' amayinga 5 n'iminsi 6.