Skip Navigation

DVD Ilustrado Multilíngue

The Biology of Prenatal Development




IBINYABUZIMA BIJANA NO GUTWITA

.Kirundi [Kirundi (Rundi)]


 

Baixar Versão em PDF  O Que é PDF?
 

Capítulo 1   Introdução

Uburyo buhamye bw'intangiriro vy'uruyoya rw'umuntu habanza utuburungu tugenda dukura kugeza kuri trillion-100 ni igitangaza kidakuka cy'ibinyabuzima vyose bimera.

Menya ko abashakashatsi bazi uko bigenda mu mubiri w'umuvyeyi uko bihinduka mu gihe co gutwita- akenshi igihe kirekire mbere yo kuvyara.

imyiteguro ibanziriza ivyara birumvikana ntashiti ko ari igihe co kwitegura mugihe umubiri w'umuntu ugerwaho n'imihindagurike myinshi, n'imikorere ikeneye ubuhanga, kubera imibereho nyuma yo kuvyara.

Capítulo 2   Terminologia

Inda, mu buryo busanzwe iramba hafi amayinga 38 nkuko vyaharuwe kuva igihe co gusama inda cyangwa igihe co gusama, kugeza igihe co kuvyara.

Mugihe c'amayinga 8 ya mbere nyuma yo gusama, imihindagurike y'umubiri nico citwa intangiriro, arivyo bivuga ko"hari ibikura." Iki gihe ciswe igihe kibanza, kikaba kigaragaza ububumbe bw'ibigize ahanini umubiri.

Guhera vyuzura amayinga 8 kugeza igihe inda ari imvutsi, "inzira iganisha kuba umuntu yitwa isoro" arico citwa "umwana utaravuka." Ico gihe,citwa igihe co gusama umubiri urakura rwose n'ingingo zawo zigatangira gukora.

Ibihe vyose vy'intangiro kugeza Kw'igi muri uru rutonde bijana ni igihe co gusama.