| |
Capítulo 40 3 a 4 Meses (12 a 16 Semanas): Papilas Gustativas, Movimento de Mandíbula, Reflexo de Sucção, Percepção dos Primeiros Movimentos do Feto
|
| |
| Hagati y' amayinga 11 na 12,
igi ryongera ibiro hafi 60%.
Amayinga 12 haba harangiye
kimwe c'agatatu kibanza,
cangwa amezi 3 yo gutwita.
|
| Mu munwa haza icumva uburyohe
n'ububihe.
|
| Igihe co kuvuka iyo kumva
uburyohe n'ububihe bigumaho
gusa ku rurimi
no kurusenge rw'umunwa.
|
| Amara atangura kujegajega
nyuma y' amayinga 12 gusa
agakomeza gutyo igihe
c' amayinga 6.
Umubiri utangura kuva mu igi
n'urura rugari rw'uruyoya
arico citwa umwanda.
Uba igizwe n'ivyo uruyoya
rwariye rukiri munda,
za proteine n'utuburungu
tw'amaraso tuba twarapfuye
bikorwa n'inda.
|
| Mugihe c' amayinga 12,
igihimba co hejuru
kiba hafi carageze uko
kizoreha.
Ibihimba vyo hasi bifata igihe
kugira ngo bigere uko
bizoreha.
|
| Uretse gusa umugongo no
kugahanga,
umubiri wose w'uruyoya
ushobora kumva iyo ukozweko.
|
| Itandukaniro ry'imikurire
y'igitsina n'ibijana naco
nibwo bigaragara ubwa mbere.
Urugero, utuyoya gore
tujegajeza imisaya
kenshi kurusha utuyoya gabo.
|
| Kubera nkuko twabibonye kare,
ibituma umunwa uryoherwa
vyerekana impamvu
zishira gufungura umunwa.
Ivyo vyitwa "ugushaka inzira"
kandi birakomeza na nyuma yo
kuvuka,
bifasha uruyoya rwavutse
kumenya imoko za nyina
igihe co konka.
|
| Isura ikomeza gukura
uko urukoko rw'amavuta
rugenda rushongera mu ruhu
n'amenyo atangura kumera.
|
| Mugihe c' amayinga 15, nibwo
utuburungu tuvyara amaraso tuza,
tukizingira mu igufwa ritarakomera.
Utuburungu dukora amaraso
tuzoboneka aha.
|
| Nubwo igi ry'umwana ritangura
gutera nk'igicuro mu m'amayinga 6,
ariko umugore utwite atangura
kumva inda itera ubwambere
hagati y' amayinga 14 na 18.
Ubusanzwe ico gihe
citwa ico hagati mu gutwita.
|