| |
Desenvolvimento Embrionário: 4 a 6 Semanas
Capítulo 11 4 Semanas: Líquido Amniótico
|
| |
| Mugihe c' amayinga 4
haboneka amavuta asukuye
akikije isoro
mu mavuta yuzuye igi.
Ayo mavuta atagira umwanda,
yitwa amavuta y'urukoko,
arinda isoro kudakomereka.
|
Capítulo 12 O Coração em Ação
|
| |
| Umutima muzima utera
inshuro 113 ku munota.
Reba uko
umutima uhindura ibara
uko umutima winjira usohoka
mu vyumba vyawo uko uteye.
Umutima uzotera hafi
inshuro miriyoni 54
mbere yo kuvuka
n'inshuro zirenze miriyardi 3,2
mugihe kirenze uburambe
bw'imyaka 80.
|
Capítulo 13 O Crescimento do Cérebro
|
| |
| Gukura vuba k'ubwonko
bigaragazwa n'umuntu uko ahinduka
bitewe n'ubwonko bw'imbere,
ubwonko bwo hagati,
n'ubwonko bw'inyuma.
|
Capítulo 14 Brotos dos Membros
|
| |
| Igihimba co hejuru
n'ico hasi bitangura gukura
nkuko ivyo bihimba bigaragara
mugihe c' amayinga 4.
|
| Muri ico gihe uruhu
ruba rubonerana
kubera ko akabumbe kamwe
kaba kanamve.
Uko uruhu runamba rero,
ruzogenda ruta kwa kubonerana,
arivyo bisobanura ko dushobora
gusa kubona ibihimba vy'imbere
uko bigenda bikura mugihe
c'ukundi kwezi.
|
Capítulo 15 5 Semanas: Hemisférios Cerebrais
|
| |
| Hagati y' amayinga 4 na 5,
ubwonko bukomeza gukura vuba
kandi bukigabanyamo imirwi 5
itandukanye.
Umutwe uba ufite ibihwanye na
1/3 c'isoro ryose.
Ibitereko vy'ubwonko
bigaragara,
buhoro-buhoro.
uko bigenda biba binini.
Imikorere ikagenzurwa
n'ibitereko vy'ubwonko
harimo, ibitekerezo, kwiga,
kwibuka, kuvuga, inzozi,
kumva, kwinyagambura kubushake,
no gukemura ibibazo.
|
Capítulo 16 Vias Respiratórias Principais
|
| |
| Mubuhumekero,
iburyo n'ibumoso shingiro
ry'ibihaha hari
kandi hashobora kwifatanya
n'umuyoboro, cangwa umukenke
w'umuyaga,
w'ibihaha.
|
Capítulo 17 Fígado e Rins
|
| |
| Reba uburyo umwijima munini
wuzuye inda
uteganye n'umutima utera.
Imfyiko zihoraho zigaragara
mugihe c' amayinga 5.
|
Capítulo 18 Saco Vitelino e Células Germinativas
|
| |
| Umuhondo w'igi
uba ufite ibinyabuzima kamere
vyitwa imbuto.
Mugihe c'amayinga 5
izo mbuto zirimuka
kugira ngo zivemo ibihimba
vy'umubiri
bigategana n'imfyiko.
|
Capítulo 19 Placas da Mão e Cartilagem
|
| |
| Nanone mugihe c'amayinga 5,
isoro rikuza ibiganza
imbavu zitangira kubaho
mugihe c' amayinga 5 ½.
Hano turabona
ikiganza c'ibumoso
Naho inkokora iboneka nyuma
y' amayinga 5 n'iminsi 6.
|